21 Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga hatar’ ubgoya bgera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi az’ amwugarane kumara imisi ndwi.
na we ahasuzume, maze ni yasanga ico kintu gisa n’icinjiye imbere mu rukoba, ubgoya bgaho bgahindutse, bukēra, uwo muherezi az’ avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe, yaziye mu nkovu y’igihute.
Maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.
Na ho ni yasanga ico kibibi co ku mubiri wiwe cera, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, n’ ubgoya bgaho butāhindutse ngo bgere, nuk’ uwo muherezi yugarane uwo murwayi kumara imisi ndwi.
guha Satani ūmeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bgiwe buze burokoke ku musi w’Umwami Yesu.