Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 13:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 13:2
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa.


Namani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i Siriya, yar’ atonnye kuri shebuja, kandi yar’ umunyacubahiro, kukw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar’ umuhizi w’inkomezi, ariko yar’ umunyamibembe.


None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe nta hazima hariho, atar’ inguma n’ibipfupfuri n’imishishagu, bitigeze gukandwa canke gupfukwa canke kubombekeshwa amavuta.


ni co kizotuma Umwami Imana atēza abakobga b’i Siyoni ibihūshi mu bitwariro, Uhoraho agatwikurura ibiteye isoni vyabo.


Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye.


Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.


Na we aheze agende inyuma y’aho mushagaje, asuzume uwo munyamibembe; maze ni yasanga iyo ndwara y’imibembe ikize,


nyen’ iyo nzu az’ agende abarire umuherezi, at’ Inzu yanje umengo isa n’aho yatewe n’indwara.


ar’ igishundu, ar’ ibintu bitongangiye, ar’ ikibibi,


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda; Miriyamu aca asēsakw imibembe, yera nka shelegi; Aroni amukubisekw amaso, asanga yashēshekw imibembe.


Ndakwinginze, yoye kumera nk’ikivutse gihwereye, kivuye mu nda ya nyina kiriko kirabora.


Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.


aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Ababonye arababgira, ati Ni mugende, mwiyereke abaherezi. Bariko baragenda barakira, barahumanuka.


Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Uhoraho azobatērēra ibihute nk’ivyo yatērereye Abanyegiputa, no gusiduka amagara, n’urukemba n’ amahere, ivyo mutazoshobora kuvūrwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ