11 izoba ar’ imibembe yamaze igihe kirekire mu rukoba rw’umubiri wiwe: uwo muherezi avuge kw ahumanye, ntarinde kumwugarana, kukw ahumanye.
uwo muherezi amusuzume; maze ni haboneka ahashundashe, inyuma ku rukoba, hagatako hakēra, bigatuma ubgoya bgaho bgera, inyama zaho zikajējēta;
Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose;
Na ho ni yasanga ico kibibi co ku mubiri wiwe cera, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, n’ ubgoya bgaho butāhindutse ngo bgere, nuk’ uwo muherezi yugarane uwo murwayi kumara imisi ndwi.