Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 12:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Imisi y’uguhumanurwa kwiwe ni yaramuka ishize, yo ku muhungu canke ku mukobga, az’ azane umwagazi w’intama utarengeje umwaka kw ikimazi co kwoswa, n’icana c’inuma cank’ intunguru, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, abizanire umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 12:6
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramwishura, at’ Abīra inka y’ishashi imaze imyaka itatu, n’impene ivyara imaze imyaka itatu, n’impfizi y’intama imaze imyaka itatu nyene, n’intunguru imwe n’icana c’inuma.


ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugore ni yasama inda, akavyara umwana w’umuhungu, az’ amare imisi ndwi ahumanye: nk’uko bimubera iy’ari mu muhango w’imiziro yiwe, ni kw azoba ahumanye.


Na ho ni yavyara umwana w’umukobga, az’ amare amayinga abiri ahumanye, nk’uko bimubera iy’ ari mu miziro yiwe; az’ aheze amare imisi mirongwitandatu n’ itandatu abone guhumanurwa, avuye mu maraso yiwe.


na we aheze abitangire aho nyene imbere yanje jewe Uhoraho, amuhongere; uwo mugore ni ho azoba ahumanuwe isōko y’amaraso yiwe. Ico ni co cagezwe c’umugore avyaye, namba yoba avyaye umuhungu cank’ umukobga.


bo n’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, ivy’ azoshobora kuronka; kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro;


Maze ku w’umunani az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;


Imisi ishize yo guhumanurwa kwabo, nk’ukw ivyagezwe vya Mose biri, bamujana i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana,


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ