Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ku musi ugira umunani uwo mwana az’ akebge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 12:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Nyina az’ amare imisi mirongwitatu n’itatu abone guhumanurwa, avuye mu maraso yiwe; ntaz’ akore ku kintu cera na kimwe, canke ngw ashike ahantu hēra, gushitsa ah’ imisi y’uguhumanurwa kwiwe izoshirira.


Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye.


Ku musi ugira umunani baza gukeba uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya.


Kand’ imisi munani ishitse ngw akebge, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n’umumarayika, atarasamwa inda.


Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Arikw ico mvuze n’iki: isezerano ryabanje gushingwa n’Imana, ivyagezwe vyaje hashize imyaka amajana ane na mirongwitatu, ntivyorikūraho ngo bihindure ubusa iryo sezerano.


Kandi ndabarira umuntu wese akebga, mbishingiye intahe, yukw ari n’umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ