Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 11:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 11:44
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni mushire hejuru Uhoraho Imana yacu, Mwuname mur’ imbere y’ indava yo musi y’ibirenge vyiwe: Ni we yera.


Ni mushire hejuru Uhoraho, Imana yacu, Musengere ku murwa wiwe wera: Kuk’ Uhoraho, Imana yacu, ar’ uwera.


ati Numvise imyidodombo y’ Abisirayeli; non’ ubabarire, uti Kur’ uyu mugoroba murarya inyama, kandi mu gitondo muzorya umutsima, muhāge: uti Muzoca mumenya kw ari we Uhoraho Imana yanyu.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.


Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. Nagutangiriye Egiputa kw incungu, Etiyopiya na Seba nahahevye kubgawe.


Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, ntera ikiyaga gusuriranya, imipfunda yaco ikabomborana: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Ntimuze mwiyandurishe ak’ ari ko kose ko mu tunyonyera, ntimuze muvyihumanishe ngo bibanduze.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni we Uhoraho, Imana yanyu.


Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


ariko ngo mwibuke ivyagezwe vyanje vyose muvyitondere, mumbere abēra, jewe Imana yanyu.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.


Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.


Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Ūgabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure; ūgororotse n’ashishikare agororoke; uwera n’ashishikare yezwe.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ