Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.
Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.
Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;