Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 11:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 11:32
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ikindi, ūzokwinjira mur’ iyo nzu igihe icugawe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.


ūzokora ku bimeze birtyo azoba ahumanye arinde ashitsa ku mugoroba; ntaz’ arye kur’ ivyo vyejejwe, shit’ abanje kwiyuhagira.


Kandi ni catekwa mu nkono y’ imbumbano, baze bayimene; na ho ni catekwa mu nkono y’umuringa, baze bayikūbe, bayunyuguze n’amazi.


Kand’ ikintu cose gisanzwe kirāngāye, kitarumijek’ umutemere, kizoba gihumanye.


Uwo muherezi aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone gusubira aho mushagaje, akomeze abe ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ