3 igifise inzāra cose ziri n’umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda.
Kuk’ ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, Kand’ ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe.
Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge.
ati Mubarire Abisirayeli, muti Mu bikōko vyose, ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda vyose vyo mw isi:
Ikigenda gifise inzāra ziri n’imyanya hagati cose, arikw inzāra zitari kubiri rwose, kigatako nticūze, n’igihumanya kuri mwebge; uwogikorako wese yoba ahumanye.
Ariko mu vyūza no mu bifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ivyo mutemerewe kurya n’ibi: ingamiya, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, iyo n’ igihumanya kuri mwebge.
N’ inkezi, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, na yo n’igihumanya kuri mwebge.
N’urukwavu, kuko naho rwūza ariko ntirugira inzāra ziri n’umwanya hagati, na rwo n’igihumanya kuri mwebge.
N’ ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ikagira inzāra kubiri, ariko ntiyūza, na yo n’igihumanya kuri mwebge.
Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.
Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,
Mu bigenda, igifise inzāra cose ziri n’ umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda.
N’ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ariko ntiyūza: na yo n’igihumanya kuri mwebge. Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko.
Ivyo ubishirek’ umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.