22 Utwo mwemererwa kurya muri two n’uruzige, nk’ukw amoko yazo ari, n’utundi tumeze nka rwo twitwa solamu na harugoli na hagabu, nk’ukw amoko yatwo ari.
Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega.
Arikw ivyo mwemererwa kurya muri two n’ibi: udufise amaguru maremare akonye ahahera hejuru y’ibirenge, yo kugenda dutarukisha hasi.
Arik’ utundi twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge.
Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.
Kandi Yohana yambara ubgoya bg’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bgo mw ishamba.
Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.
Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.
Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva.