Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Mubarire Abisirayeli, muti Mu bikōko vyose, ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda vyose vyo mw isi:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 11:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.


Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro.


Ibi az’ abe ari vyo mugira umuziro mu bisīga; ntibize vyigere biribga, n’ibizira: inkukuma, n’itarangabo, na oziniya;


Arikw ivyo mwemererwa kurya muri two n’ibi: udufise amaguru maremare akonye ahahera hejuru y’ibirenge, yo kugenda dutarukisha hasi.


Ibi ni vyo bihumanya kuri mwebge mu binyonyera bigenda hasi: igikara, n’imbeba, bo n’imburu nk’ukw amoko yazo ari;


igifise inzāra cose ziri n’umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda.


Ibirībga vyose vyosukwakw amazi yo muri co, vyoba bihumanye: kand’ ico kunywa cose coba mu kintu ben’ ico cose coba gihumanye.


Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Ariko mu vyūza no mu bifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ivyo mutemerewe kurya n’ibi: ingamiya, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, iyo n’ igihumanya kuri mwebge.


Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu biba mu mazi vyose: ibiba mu mazi, mu biyaga no mu nzūzi, bifise amababa n’ibigaragamba, ivyo ni vyo mwemererwa kurya.


Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ