13 Ibi az’ abe ari vyo mugira umuziro mu bisīga; ntibize vyigere biribga, n’ibizira: inkukuma, n’itarangabo, na oziniya;
Iyo nzira nta gisiga c’amero kiyizi, N’ijisho ry’ikinyakabaka ntiryigeze kuyibona:
Ni nde aronderera igikōna ivyo kurya, Igihe ivyana vyaco bitakambira Imana, Biyererezwa no kubura ico birya?
Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!
Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Eh’ umwansi azoza aguruka nk’inkukuma, azosanza amababa i Mowabu.
Abaduhīga barusha inkukuma zo mu kirēre kunyaruka: Badukinagiza ku misozi miremire, bakaducira ibico mu bugaragwa.
Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.
Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro.
Ico mu mazi cose kitagira amababa n’ibigaragamba kize kibe umuziro kuri mwebge.
n’ ikinyamwanira, n’inkōna, ukw amoko yavyo ari;
Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’ arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’ abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa.
Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.
Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.
Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.