11 Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro.
Mu bitungano vyose bitazira no mu bikōko vyose bitazira, utwaremw’ ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwi‐ndwi vyavyo; mu bikōko bizira na ho, utwaremwo bibiri‐bibiri, ikigabo n’ikigore caco;
no mu biguruka mu kirere, utwaremw’ ibigabo ndwi‐ndwi n’ ibigore ndwi‐ndwi, kugira ng’uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rubone gusubira kubaho mw isi yose.
Ibidafise amababa n’ ibigaragamba vyo mu biyaga no mu nzūzi, ibigendera mu mazi vyose, ibifise ubugingo vyose biba mu mazi, n’umuziro kuri mwebge.
Ico mu mazi cose kitagira amababa n’ibigaragamba kize kibe umuziro kuri mwebge.
Ibi az’ abe ari vyo mugira umuziro mu bisīga; ntibize vyigere biribga, n’ibizira: inkukuma, n’itarangabo, na oziniya;
ati Mubarire Abisirayeli, muti Mu bikōko vyose, ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda vyose vyo mw isi:
Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha.
Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda: inka n’intama n’impene,