10 Ibidafise amababa n’ ibigaragamba vyo mu biyaga no mu nzūzi, ibigendera mu mazi vyose, ibifise ubugingo vyose biba mu mazi, n’umuziro kuri mwebge.
Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru.
Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.
Ūdambikanya n’igisesema ku bagororotsi, Kand’ ūgenda atunganye n’ igisesema ku banyakibi.
Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro.
Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu biba mu mazi vyose: ibiba mu mazi, mu biyaga no mu nzūzi, bifise amababa n’ibigaragamba, ivyo ni vyo mwemererwa kurya.
Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.
Ibidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mubirye: n’umuziro kuri mwebge.
Ntimuze murye ikintu na kimwe kizira.
Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.