Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 10:9
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Vino ni yo mucokoranyi, ibiboreza ni vyo ruyogoyogo, Kand’ ūbidandabagiranamwo wese ntagira ubgenge.


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


Ntihakagire uwo mu baherezi anywa vino igihe bagira baje mu nyubakwa.


Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino.


aze yitandukanye na vino n’ibiboreza bindi; ntaz’ asome no ku nkarisha ya vino canke ku nkarisha y’ikiboreza kindi, canke ngw asome ku mazi y’inzabibu, canke ngw arye inzabibu mbisi canke zumye.


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera,


Kandi n’abakozi b’ishengero na bo nyene, bakwiye kuba inyankamugayo batavuga indimi zibiri, kandi ntibabe abatwawe na vino nyinshi, cank’ abifuza inyungu mbi.


Uhereye none ntunywe amazi gusa, arik’ unywe n’utuvino duke kubgo mu nda hawe, kuk’ urwaragurika.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ