7 Kandi ntimutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: kukw amavuta y’Uhoraho mwarobanujwe akiri kuri mwebge; nuko babigenza nk’uko Mose avuze.
Iyo myambaro yose uz’ uyambike Aroni mukurwawe, bo n’abana biwe, ubasukekw amavuta, ubashikirize iryo bango, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.
Maze wābīre amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze.
Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.
Uhoraho abarira Aroni,
canke ngo binamusohokane ngw ave Ahēra, canke ngw ahumanye Ahēra hanje Imana yiwe; kukw ibango yaheshejwe no kurobanuzwa amavuta yanje Imana yiwe riri kuri we: ni jewe Uhoraho.
Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.
Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.
Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.
rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.
Imana ni yo idukomezanya namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuje amavuta.