Abalewi 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.