Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 10:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Igikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi bo n’inkoro yo kuzunguzwa, baze bahore babizanana n’ishikanwa ry’ibinure ryo gutōngōrwa n’umuriro, ngo babizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: ivyo bizoba ivyawe n’ivy’ abana bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava, nk’uk’ Uhoraho yageze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 10:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, mbishinguye ku bimazi vy’Abisirayeli vy’ishimwe, mbihaye Aroni umuherezi, n’abana biwe, kuba umuturi bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose.


Maze Aburahamu arapfukama, arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’ umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?


Ūvukiye mu rugo rwawe n’ uwo waguze amahera, bakwiye gukebga; kand’isezerano ryanje rizoba ku mibiri yanyu, ribe isezerano ridashira.


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


iki gihugu cose ubonye ni wewe nzogiha, n’uruvyaro rwawe, gushitsa ibihe vyose.


Kand’ uz’ urobanure ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, co kuzunguzwa nyene, gishinguwe kuri ya mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, ari vyo bigerewe Aroni n’abana biwe.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Umugabane wose uzoshingūrwa ku vyēra vyose Abisirayeli bashikana, bazanira umuherezi, uz’ ube uwiwe.


Ivyo bizoba umuturi Aroni n’abana biwe bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose, kukw ar’ umwanya w’abaherezi mu mashikanwa y’ishimwe Abisirayeli bazohora bashikana; rizoba ishikanwa bangereye, jewe Uhoraho.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ