Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kandi kugira ngo mwigishe Abisirayeli ivyagezwe vyose narungikanye Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 10:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.


Abo baragenda bigisha i Buyuda, bafise igitabo c’ivyagezwe vy’Uhoraho; bagendagenda mu bisagara vyose vy’i Buyuda bigisha abantu.


Hezekiya aremēsha imitima y’Abalewi bose bāgira umwete wo gukorera Uhoraho. Nukw abantu bamara iyo misi ndwi barya ivy’ iyo misi mikuru, batanga ibimazi vy’ishimwe, bakengurukira Uhoraho Imana ya ba sekuruza.


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


babasomera mu gitabo c’ ivyagezwe vy’Imana mu buryo bgumvikana, barabibasobanurira kugira ngo batahure ivyo basomewe.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


Namwe, ni bamara kurubashikiririza aho hantu Uhoraho azoba yātoranije, muze mukore nk’uko baruciye nyene; muze mwitondere kubigenza nk’uko bababariye kwose,


mukurikire uko barushinze n’uko baruciye; ntimuze mutirimuke ngo muve kur’ urwo rubanza babashikirije, ngo murucishe ahandi.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


Murazi ivyagezwe twahawe n’Umwami Yesu kubabarira ivy’ ari vyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ