10 kugira ngo mubone uko mutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, n’ibihumanya n’ ibidahumanya,
None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.
Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.
Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.
vyo gutandukanya igihumanya n’ikidahumanya, n’icoribga mu bigenda n’ikitoribga.
Nuk’ umuherezi az’ amusuzume: maze ni yasanga ico gishundu arwaye gitukura aho nyene mu buhanza bgo mu gakomokomo canke mu bgo mu gitwariro, igasa n’imibembe ir’ inyuma ku rukoba;
kugira ngo vyigishe umuntu kw ikintu gihumanye, canke ko kidahumanye: ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku mibembe.
Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.