Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.
Maz’ abagabo bose bāri bazi yukw abagore babo bosereza imibavu izindi mana, bo n’abagore bose bahagararanye aho, ar’ ishengero rinini, ni bo bantu bose bagiye kuba mu gihugu ca Egiputa i Patirosi, bishura Yeremiya,
Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.