5 Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Aya ni yo mabgirizwa y’igicaniro bazoshitsa umusi bazocubaka, kugira ngo bacoserezekw ibimazi, bakimijekw amaraso.
Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.
Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.