Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:5
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bakerera imyagazi ya Pasika, abaherezi bamija amaraso bayahawe n’abo Balewi, Abalewi na bo baraheza barabāga.


Uyikererere imbere yanje, jewe Uhoraho, ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Uyikerere, wābīre amaraso yayo uyamijagire ku gicaniro impande zose.


Uheze ushire ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi imbere y’ umuryango w’iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro.


uko ni kw azojoreza amahanga menshi; abami bazozibira akanwa kabo imbere yiwe: kuko bazobona ico batābgiwe, n’ico batumvise bazocitegereza.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Aya ni yo mabgirizwa y’igicaniro bazoshitsa umusi bazocubaka, kugira ngo bacoserezekw ibimazi, bakimijekw amaraso.


Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Umuherezi az’ akizane ku gicaniro, akinuse umutwe, awosereze ku gicaniro; amaraso yaco amiminukire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe;


Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.


Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa, kibe ikimazi gitangiwe ivyaha.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’ Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka?


Arik’ uburiza bg’ inka canke bg’intama canke bg’ impene, ntuze wāke incungu zabgo: izo zizoba izera; uz’ umije amaraso yazo ku gicaniro, wose ibinure vyazo kuba ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, bimbere umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.


Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ