Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:3
79 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Aburahamu yunamuye amaso, areraguza, inyuma yiwe ahabona impfizi y’intama ifashwe mu mahembe mu gisaka c’inzitane. Aburahamu aragenda, afata ino ntama, ayitanga kw ikimazi co kwoswa mu gishingo c’umwana wiwe.


Iramubgira, it’ Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.


Aburahamu aramwishura, at’ Erega mwananje, Imana ni yo iribgironkere umwagazi w’ikimazi co kwoswa. Nuko bompi barajana.


Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa.


Igitigiri c’ibimazi vyo kwoswa ikoraniro ryazanye car’ amapfizi mirongwirindwi n’amapfizi y’intama ijana n’imyagazi y’intama amajana abiri; ivyo vyose vyar’ ivyo kuba ikimazi co kwosereza Uhoraho.


Bakūrah’ imitigiri yo kuba ibimazi vyo kwoswa, bayiha abantu nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, kugira ngo na bo bayīhēre Uhoraho kw ibimazi, nk’ uko vyanditswe mu gitabo ca Mose. N’ayo mapfizi na yo bayagenza bartyo.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


Kandi Aroni n’abana biwe uz’ ubazane ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ubūhagirireho.


Bizoba ibimazi vyo kwoswa vy’intasība ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, bitangirwa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje: aho ni ho nzohora mbonanira namwe, ni ho nzoyāgira nawe.


Bukeye bakoroka kare, batanga ibimazi, baravyosa, bazana n’ibimazi vy’ishimwe; bicarikwa no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.


Maze baraza, umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe, n’umuntu wese atanze bivuye ku mutima, bazana amashikanwa bashikanira Uhoraho, yo gukoresha rya hema ry’ibonaniro, n’ ayo gukoresha ibikorwa vyaryo vyose n’ayo gukoramwo ya myambaro yejejwe.


Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho.


ngo Mukoranye amashikanwa yo kumushikanira, mukūye ku vyanyu: umuntu wese yumva bivuye ku mutima, abe ari we azana ishikanwa ryo gushikanira Uhoraho; ayo mashikanwa n’aya: amazahabu n’ amafeza n’imiringa,


Mose abaha ya mashikanwa yose, ayo Abisirayeli bāshikaniye gukora ivy’ iryo hema, ngo bayakoreshe. Kand’ uko bukeye mu gitondo bākomeza kumuzanira ayandi mashikanwa avuye ku mitima ikunze,


Abāza igicaniro co kwoserezakw ibimazi mu giti c’ umushita; uburebure bgaco bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ atanu nyene, cangana impande zose; uburebure bgaco bg’ igihagararo bgar’ amatambge atatu.


Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene.


Kuko ku musozi wanje wera, ari wo musozi muremure w’i Bgisirayeli, ni k’ Umwami Uhoraho agize, ari ho ab’ inzu ya Isirayeli bose, n’abari mu gihugu bose bazoza kunsaba: aho ni ho nzobākīrira neza, ni ho nzobatumira amashikanwa, n’umushuzo w’imperezwa zanyu, n’ ibintu vyanyu vyose vyejejwe.


No ku rubaraza rw’ikirimba hār’ ameza abiri ku ruhande rumwe, n’ ayandi abiri ku rundi, yo kubāgirakw ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi bitangirwa ivyaha n’ibimazi bitangirwa ibicumuro.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Maz’ azane za mpene zompi, azihagarike imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ngw akinshikanire kw ishikanwa, imbere y’ihema ryanje, uwo muntu azogībgako n’ayo maraso: mber’ azoba avishije amaraso: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,


atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kukinshikanira, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ku musi muwujungujeko muze munshikanire n’isuguru y’intama itaramara umwaka kw ikimazi co kwoswa.


Kandi hamwe n’iyo mitsima mushikane abana b’intama ndwi batagira agasembga, batarengeje umwaka, bo n’imasa y’umukangara, n’impfizi z’intama zibiri; bibe ikimazi coswa nshikaniwe jewe Uhoraho, bizananwe n’ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, n’iry’ ibiturire, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.


Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.


icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe.


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa.


ati Ni hagira umuntu akora icaha, akancumurako, jewe Uhoraho, akagunga mugenzi we mu vyo yamubikije, canke ku ngwati yamugwatirije, canke mu vyo yambuye, cank’ akanyaga mugenzi we ku gahahazo,


Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho.


Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


Kandi ni mwatanga ishuri kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo, ar’ ico gushitsa isezerano, cank’ ar’ ic’ ishimwe mpawe jewe Uhoraho,


at’ Ibi ni vyo bibgirijwe n’icagezwe jewe Uhoraho nshinze: Barira Abisirayeli bakuzanire inka y’iriza y’akagajo itagira ibara cank’ agasembga, itigeze gukoreshwa igikorwa na kimwe.


Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


Balaki abarira Balamu, ati Ngwino nkujane ahandi: kumbure Imana yokunda k’ubamvumira uhagazeyo.


Balamu abarira Balaki, ati N’uhagarare hambavu y’ ibimazi vyawe vyoshejwe, nanje ndagiye: kumbure Uhoraho araza guhūra nanje; maz’ ico aribunyereke cose ndakikubarira. Nukw aragenda, aja ku mpinga y’umusozi mu ruharabuga.


Nuko Balaki abigenza nk’uko Balamu amubariye, atangira ku gicaniro cose imasa n’isuguru.


Ku musi ukwezi kwose kubonetse, muze munshikanire ikimazi co kwoswa, jewe Uhoraho; kibe amamasa abiri y’imikangara, bo n’impfizi y’intama imwe, n’ abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


ariko muze munshikanire ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, jewe Uhoraho, ari co kimazi co kwoswa: kize kibe amamasa abiri y’imikangara, n’impfizi y’intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka; muze mubitange bitagira agasembga,


Muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu rigendanye na co, mubitange bidafise agasembga, hamwe n’ ishikanwa ry’ibiturire bigendanye.


Ku musi wayo w’intangamarāra muze mutange ikimazi co kwoswa, ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza; kize kibe amamasa y’imikangara cumi n’ atatu, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka; bize bibe ibitagira agasembga.


Muze muwutangekw ikimazi co kwoswa c’ umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho; kize kibe imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga,


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.


Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.


Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.


Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.


kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.


ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.


mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.


Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.


Ntimuze mugire imasa cank’ intama muzanira Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi birikw agasembga cank’ igitosekaye cose, kukw ico ar’ umuziro k’Uhoraho Imana yanyu.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ