Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Abisirayeli, uti Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:2
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho.


ariko ntiyākīrira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa.


Mwaturire Uhoraho ingen’ izina ryiwe ribereye icubahiro; Muze imbere yiwe muzanye ishikanwa. Musenge Uhoraho mwubashe, mushazishije ukwera.


hanyuma bakomeza gutanga ibimazi vyo kwoswa vy’intasība, n’ivyo mu mboneko z’amezi, n’ivy’ imisi mikuru yose yerejwe Uhoraho, n’ ivyo umuntu wese yagomba gushikanira Uhoraho ishikanwa bivuye ku mutima ukunze.


Igicaniro muzongirira, muze mukirundarunde mw ivu, abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe, ar’ ivyo mu ntama zanyu canke mu nka: ahantu hose izina ryanje rizokwibukirwa nzohabasanga, mbahe umugisha.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


nuk’ uwo mugabo akwiye kujana umugore wiwe ku muherezi, amujanane n’ishikanwa amutangiriye ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu ya sayiri; ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ishikanwa ry’ifu rizanywe kubg’ ifūhe, ar’ ishikanwa ry’icibutso, cibutsa ibigabitanyo.


n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Ariko mweho mugira mut’ Umuntu ni yabgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni Korubani, risobanurwa ngo Ni co nzoshikanira Imana;


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Nuko dufise ingabire zitandukana, nk’uk’ ubuntu twāhawe butandukana: namba twarahawe kuvugishwa n’Imana, tuvugishwe na yo uk’ ukwizera kwacu kungana;


Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ