15 Umuherezi az’ akizane ku gicaniro, akinuse umutwe, awosereze ku gicaniro; amaraso yaco amiminukire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe;
Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje, Ukaba kure ntuntabare, kure y’amajambo yo kuniha kwanje?
Nkiza akanwa k’intambge; Waranyishuye, unkūra mu mahembe y’imbogo.
Ni co gituma abantu biwe bagaruka, Bakīrāngūza amazi yuzuye mu gikombe,
Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.
Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.
Nuko biba birtyo: bukeye azinduka kare, bga bgoya arabukāmūra, abukānyamw’ ikime, amazi yaco yuzura urwavya.