14 Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa azompa ni caba ar’ inyoni, az’ atange intunguru cank’ ivyana vy’ inuma.
Aramwishura, at’ Abīra inka y’ishashi imaze imyaka itatu, n’impene ivyara imaze imyaka itatu, n’impfizi y’intama imaze imyaka itatu nyene, n’intunguru imwe n’icana c’inuma.
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.
Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.
Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.
mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.
Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.
kandi ngo batange ikimazi, nk’uko vyavuzwe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ngw Intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri.
Kukw iyo har’ umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’ adafise.
Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,