Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:13
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Acura n’ibigarigari cumi vyo kurongamwo; bitanu abishira ku ruhande rw’i buryo, bindi bitanu i bumoso; bābirongamw’ inyama z’ibimazi vyo kwosa, ariko ca gikarabiro citwa ikiyaga car’ ic’ abaherezi co gukarabiramwo.


Kandi hār’ akumba gafise umuryango urābana n’ibishimaryango vy’ico kirimba; aho ni ho bāronga ibimazi vyo kwoswa.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Iki ni co cagezwe ku vy’ ishikanwa ry’amafu: bene Aroni baze barihereze bar’ aho nyene imbere yanje, imbere y’igicaniro.


Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


umuntu azanye ikimazi ciwe az’ anshikanire n’ ishikanwa ry’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigirakane c’ingero yitwa hini.


Ku musi ukwezi kwose kubonetse, muze munshikanire ikimazi co kwoswa, jewe Uhoraho; kibe amamasa abiri y’imikangara, bo n’impfizi y’intama imwe, n’ abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga;


Uwundi mwana w’intama muze muwutange ku mugoroba: muwutangane n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, nk’ivyo mu gitondo, bibe ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.


mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ