Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Aya ni yo mabgirizwa y’igicaniro bazoshitsa umusi bazocubaka, kugira ngo bacoserezekw ibimazi, bakimijekw amaraso.
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco.
Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane.