Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:10
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe,


Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa.


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


Maze ku musi ugira kabiri uz’ utange isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi gitangirwa ivyaha; bayihumanuze igicaniro nk’uko bāgihumanurishije ya masa.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Aroni uku abe ari kw azogenza, mu kwinjira Ahēra: aze yābīre imasa y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa.


Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.


az’ atange ishuri cank’ isuguru y’intama cank’ iy’ impene, kugira ngw abone kwemerwa.


Ku musi muwujungujeko muze munshikanire n’isuguru y’intama itaramara umwaka kw ikimazi co kwoswa.


Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.


icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe.


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


Kand’ az’ atange na vino y’ikigirakane ca hini nyene, kw ishikanwa ry’ibiturire; ivyo bize bihore bitanganwa n’umwagazi w’intama wose, iy’ uje kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo.


at’ Ibi ni vyo bibgirijwe n’icagezwe jewe Uhoraho nshinze: Barira Abisirayeli bakuzanire inka y’iriza y’akagajo itagira ibara cank’ agasembga, itigeze gukoreshwa igikorwa na kimwe.


anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe,


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ