Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bitazira, no mu biguruka vyose bitazira, abitangira kur’ ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa.
Kand’ az’ atange na vino y’ikigirakane ca hini nyene, kw ishikanwa ry’ibiturire; ivyo bize bihore bitanganwa n’umwagazi w’intama wose, iy’ uje kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo.