Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho ari mw ihema ry’ibonaniro ahamagara Mose, aramubarira,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 1:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Acoserezakw ikimazi ciwe c’ ukwosa n’ishikanwa ry’amafu, akivyagizakw ishikanwa ryiwe ry’ibiturire, akimijako n’amaraso y’ibimazi vyiwe vy’ishimwe.


Igitigiri c’ibimazi vyo kwoswa ikoraniro ryazanye car’ amapfizi mirongwirindwi n’amapfizi y’intama ijana n’imyagazi y’intama amajana abiri; ivyo vyose vyar’ ivyo kuba ikimazi co kwosereza Uhoraho.


Mose adūze ah’ Imana iri, Uhoraho amubarira n’ijwi rirenga ari kur’ uwo musozi, at’ Uku abe ari k’ubarira ab’ inzu ya Yakobo, ubgire Abisirayeli,


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.


Aho ni ho nzohora mbonanira nawe, nkakubarira ivyo ngushikirije vyose vy’ivyagezwe ngeze Abisirayeli, ndi hejuru y’uwo mutemere wo guhongerako, hagati y’abo bakerubi bo kw isandugu y’Ibishinga intahe.


Bizoba ibimazi vyo kwoswa vy’intasība ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, bitangirwa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje: aho ni ho nzohora mbonanira namwe, ni ho nzoyāgira nawe.


Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!


Mose yajana ihema, akarishinga hirya y’aho bashagaje, ahītāngūye, yaryita ihema ry’ibonaniro. Uwagomba gusigūza Uhoraho wese yava aho bashagaje, akaja kw ihema ry’ibonaniro hirya yaho.


Uko ni ko barangije gukora ivy’ iryo hema vyose, ari ryo hema ry’ibonaniro; Abisirayeli bākoze vyose, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose: uko ni ko bābikoze.


Ashira ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi imbere y’umuryango w’iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro, agitangirakw ikimazi, aracosa, agitangirako n’ishikanwa ry’ ifu, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


ivyo Uhoraho yageze Mose ari ku musozi Sinayi, ku musi yageze Abisirayeli kumuzanira amashikanwa, aho nyene mu bugaragwa bg’i Sinayi.


Azana n’ikimazi co kwoswa, agitanga nk’uko vyagezwe.


Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri kw’umwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho abaririra Mose mw ihema ry’ibonaniro, bari mu bugaragwa bg’i Sinayi,


n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Maze Mose yinjiye mw ihema ry’ibonaniro kubonana n’Uhoraho, yumva ijwi rimubarira, rivugiye ahahera hejuru ya wa mutemere wo guhongerako, uri kw isandugu y’Ibishinga intahe, hagati ya ba bakerubi bompi; aho ni ho babonaniye.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabājwe; muheze mucoserezekw ibimazi muhaye Uhoraho Imana yanyu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ