Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Iki ni ikigereranyo cerekana igihe c’ubu. Kuko amashikanwa n’ibimazi abaherezi bashikanira Imana, ntivyashobora gutunganya imitima y’abaje kuyisenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ uhereye kuri Adamu, ukageza kuri Mose, urupfu rwaganza n’abatākoze icaha gisa n’igicumuro ca Adamu, yar’ igishushanyo c’uwagira az’ aze.


Mbeg’ ivyagezwe birwanya amasezerano y’Imana? Eka na mba! Iyo haba harih’ ivyagezwe vyashinzwe bishobora kubeshah’ abantu, n’ukuri ukugororoka kuba kwarazanywe n’ivyagezwe.


Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.


kuko yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura abapfuye, ni co catumye amugarurirwa nk’ūzutse.


Umuherezi wese mukuru, kuko yarobanuwe mu bantu, ashirirwaho gukorera Imana kubg’ abantu, kugira ngw ashikane amashikanwa, atange ibimazi, vyompi vy’ivyaha;


Non’ iyaba gutunganywa rwose kwāzanywe n’ubuherezi bg’Abalewi — kuko ku ngoma yabgo ari ho ubgo bgoko bgāhawe ivyagezwe — n’iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bga Melekisedeki, atavugwa mu buryo bga Aroni?


Iyaba ari mw isi ntiyobaye umuherezi, kuko har’ abandi bashikana amashikanwa nk’ukw ivyagezwe bibgiriza.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ