Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Muri ico kibanza harimwo igicaniro gikozwe mu nzahabu baturirirako ibimota neza hamwe n’isandugu ry’isezerano, ryari rirengejeko inzahabu impande zose. Muri iryo sandugu harimwo ibakure ry’inzahabu ririmwo manu, ya nkoni ya Aroni yamerako amababi hamwe na vya bisate vy’amabuye y’isezerano yanditsweko ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:4
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

n’ inzavya, n’imbugita, n’imibehe, n’udukombe, n’udusahani two gushirwak’ umunyota, na vyo nyene vyar’ ivy’ izahabu iramuye; n’ amapata y’inzugi zija haruguru, ari ho Hēra Cane, n’ay’ inzugi z’ingoro ubgayo, ari rwo rusengero, na yo yar’ ay’ izahabu.


Ni ho nashingiye umwanya isandugu irimw’ isezerano ry’Uhoraho yasezeranye na ba sogokuruza, aho yabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Mur’ iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri vy’amabuye Mose yashiriyemw’ i Horebu, igihe Uhoraho yasezerana isezerano n’Abisirayeli, hamwe bava mu gihugu ca Egiputa.


Mur’ iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri Mose yashiriyemw’ i Horebu, igihe Uhoraho yasezerana isezerano n’Abisirayeli, hamwe bava muri Egiputa.


Kand’ ico gihuzu uz’ ukimanike ugitumbereje musi ya twa turinda, uze winjize ya sandugu y’Ibishinga intahe hirya yaco: ico gihuzu kize kibabere ico gutandukanya Ahēra n’Ahēra cane.


Uhoraho amaze kubonanira na Mose kur’ uwo musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vyanditswekw Ibishinga intahe, ivyo bisate vyar’ ivy’ amabuye, vyanditsweko n’ urutoke rw’ Imana.


Maze Mose arahindukira, amanuka uwo musozi, afise vya bisate vyompi mu minwe birikw Ibishinga intahe, vyanditswekw impande zompi, imbere n’inyuma.


Mose amanuka uwo musozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate vyompi birikw Ibishinga intahe; kand’ aho yamanuka uwo musozi ntiyar’ azi yuko mu maso hiwe haca ibibatsi kubg’ Uwo bāhora bakebukana.


Abāza igicaniro co kwoserezakw imibavu mu giti citwa umushita; uburebure bgaco bgar’ itambge rimwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ itambge rimwe nyene: cangana impande zose; uburebure bgaco bg’igihagararo bgar’ amatambge abiri; amahembe yaco yar’ abāziwe kuri co, yari kimwe na co.


n’ isandugu y’Ibishinga intahe, n’ iminiho yayo, n’umutemere wo guhongerako;


Uheze ushiremwo ya sandugu y’ Ibishinga intahe, uyikingirize ca gihuzu.


Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu;


Uhoraho abarira Mose, ati Subiza inkoni ya Aroni imbere ya vya Bishinga intahe, kugira ngw ibīkirwe kubera ba bagarariji ikimenyetso: ubone guherengeteza imyidodombo yabo banyidodombera, boye gupfa.


Maz’ umuntu nzotoranya, inkoni yiwe izonaga: uko ni ko nzoherengeteza imyidodombo Abisirayeli babidodombera, ndayīkūre mu matwi.


Bukeye bgaho Mose yinjira mur’ iryo hema ry’Ibishinga intahe; agize ngw ararāba, asanga inkoni ya Aroni yatangiwe inzu ya Lewi yanaze, ipfunditse amapfundo, isambuye amashurwe, yamyeko shakedi zihishiye.


Iyo misi mirongwine n’amajoro mirongwine bishize, ni ho Uhoraho yampaye ivyo bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw iryo sezerano.


Nari nadūganywe uwo musozi no guhabga vya bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw isezerano Uhoraho yasezeranye namwe, nca mmara kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ