Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nukw isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ ibirōngōra ivy’ ubuherezi, rifise n’ahēra, ariko ho mur’ iyi si.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 9:1
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi bangirire ahēra ho kuba, kugira ngo nze ngerēre hagati muri bo.


akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Iyo rya rindi rya mbere ritabakw agasembga, ntihari hakwiye kuronderwa irindi.


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


Maze ni bamāramāzwa n’ivyo bākoze vyose, ubamenyeshe iyo ngoro ukw isa, n’ imyubakire yayo ukw imeze, no mw isohokero ry’irebe ryayo no mu rwinjiriro rwayo, n’ukw imeze hose, n’amabgirizwa yayo yose, n’ukw isa hose, n’ivyagezwe vyayo vyose; uvyandikire imbere yabo, kugira ngo bame bibuka ukw isa yose, n’amabgirizwa yayo yose, kugira ngo bayitondere.


ntibaze bagire izo basiga ngo zirāre, kandi ntibaze bavune igufa na rimwe ryazo: nk’ukw amabgirizwa yose ya Pasika ameze, az’ abe ari ko babirya.


Kw avuga, at’ Isezerano risha, rer’ irya mbere yarishājishije; arikw igisāza kikaba akāheze kiba kigira gikamangane.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ