Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, Kuko batāgumye mw isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ntirizoba risa na rya sezerano nagirana na ba sekuruza babo, aho nabafata ukuboko nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje, nuko nanje nca ndabakurako umutima, ni ko Uhoraho avuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 8:9
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze akijujura, abo bagabo bamufata ukuboko, n’ukw’ umugore wiwe n’abakobga biwe bompi. Uhoraho amugiriye ikigongwe, bamukūrayo, bamuterera inyuma y’igisagara.


Ereg’ Imana ntizota umuntu atācumuye, Kandi ntizoramira inkozi z’ ibibi.


Akūray’ abantu biwe banezerewe, Abo yatoranije abakūrayo baririmba.


Warōngōje abantu bawe nk’ ubusho Ukuboko kwa Mose na Aroni.


Ariko basubira inyuma, bava mw isezerano nka ba sekuruza: Barahusha, nk’umuheto utaye uruvuto.


Inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bīronkeye igishushanyo c’imasa bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye n’ibimazi, baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Uhoraho aramwishura, ati Rāba, ndasezerana isezerano: nzokorera ibitangaza imbere y’ihanga ryanyu ryose, bitigeze gukorwa mw isi yose canke mu rindi hanga na rimwe; abantu bose urimwo bazobona igikorwa nzokora, kuko nzogukoresha ibiteye ubgoba.


Mbeg’ uriya mugeni ni nde, adūga avuye mu bugaragwa, Yegamiye umukunzi wiwe? Nagukanguye musi y’igiti c’umucungwa; Aho ni ho nyoko ibise vyamufatiye akuvyara, Ni ho uwakuvyaye yafatiwe n’ibise.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.


Mu bana wavyaye bose ntiharih’ uwo kukurōngōra; kandi mu bo wareze bose nta wo kugufata ukuboko.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Igitsure c’Uhoraho carabashwiragije; ntagisubira kubashirak’ umutima: Na bo ntibubashe abaherezi, ntibāsoneye abatāma.


Kuk’ ukw ari k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzokugirira nk’uko nawe wagize, wakēngereye indahiro wica isezerano.


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikūra mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikakw ibiganza, arayibaza, ati Har’ ico ubona?


Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Sauli aravyuka, ava hasi, maz’ akanuye amaso ntiyagira ic’ abona: bamufata ukuboko, bamushikana i Damasiko.


Ivyo ni nk’umugani. Kukw abo bagore ari nk’amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari.


Aya ni yo majambo y’isezerano, Uhoraho yabariye Mose gusezeranira n’Abisirayeli mu gihugu c’i Mowabu, yongewe kw isezerano yasezeraniye na bo kuri Horebu.


muzanywe no kuja mw isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, isezerano rishingishijwe indahiro, iryo Uhoraho Imana yanyu asezerana namwe uyu musi,


Abantu bazobishura, bati N’uko bāretse isezerano ry’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, iryo yari yasezeranye na bo, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ