Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 8:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’ukw ivyo ngira nkwereke vyose bimeze, mu vy’ikigereranyo c’iryo hema nzobamwo, no mu vy’ikigereranyo c’ibintu vyaryo vyose, abe ari ko muzobikora.


Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.


Aroni aze yame awambara ukw agiye guhereza, kugira ngo ntapfe: kand’ ukujegera kwayo kuze kwame kwumvikana iyo yinjiye Ahēra imbere yanje n’iy’ asohotse.


Mose yajana ihema, akarishinga hirya y’aho bashagaje, ahītāngūye, yaryita ihema ry’ibonaniro. Uwagomba gusigūza Uhoraho wese yava aho bashagaje, akaja kw ihema ry’ibonaniro hirya yaho.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe,


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.


kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw’Imana,


Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.


Nukw isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ ibirōngōra ivy’ ubuherezi, rifise n’ahēra, ariko ho mur’ iyi si.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ