Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kandi ni we Aburahamu yagabanirije ikigiracumi muri vyose, irya mbere asobanurwa, ng’ Umwami agororoka, kand’ irya kabiri yitwa Umwami w’i Salemu, risobanurwa, ng’ Umwami w’amahoro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubutungane”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:2
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Riti Rāba uzovyara umwana w’umuhungu, azoba umunyamahoro, riti Kandi nzomuha kuba impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije; kukw izina ryiwe azokwitwa Salomo; riti Kandi nzoha Ubgisirayeli amahoro n’umutēkāno ku ngoma yiwe.


Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, Kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ ukwezi kuzoviraho.


Kandi mu masho no mu mikuku, uko zigenda ziharūzwa inkoni, ikigiracumi co mur’ izo zose kize kibe icera canje, jewe Uhoraho.


Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani.


Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisirayeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw impembo y’ibikorwa bakora vyo mw ihema ry’ ibonaniro.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo mur’ iki gihe, ngw ibe Īgororoka n’Ītsindanishiriza uwizeye Yesu.


Melekisedeki uyo, umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana isumba vyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yatabaruka, avuye kunesha abami,


Nta se, nta nyina, nta karonda, nta tanguriro ry’imisi cank’ iherezo ry’ubugingo, arikw agereranywa n’Umwana w’Imana, kandi na ntaryo ahora ar’ umuherezi.


Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe.


Kand’ azobatwara ikigiracumi c’imikuku yanyu, namwe azobagaba ukw agomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ