Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nuko rer’ icagezwe ca mbere cakūweho kubg’ inkomezi nke zaco n’ikimazi gike,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ivyasabwa kera ku bijanye n’ubuherezi vyarakuweho kuko vyari bifise intege nke kandi nta co vyari bimaze

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:18
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi ni we atsindanishiriza ūmwizera wese kuri vyose, ivyo mutāshoboye gutsindanishirizwa n’ivyagezwe vya Mose.


Mbega non’ ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba: ushime turabigumisha.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Bene Data, ibi ndabivuga nk’imvugo y’abantu. Isezerano, naho ryoba iry’ umuntu gusa, iyo rishinzwe nta muntu arikūraho cank’ aryongerako.


Arikw ico mvuze n’iki: isezerano ryabanje gushingwa n’Imana, ivyagezwe vyaje hashize imyaka amajana ane na mirongwitatu, ntivyorikūraho ngo bihindure ubusa iryo sezerano.


Mbeg’ ivyagezwe birwanya amasezerano y’Imana? Eka na mba! Iyo haba harih’ ivyagezwe vyashinzwe bishobora kubeshah’ abantu, n’ukuri ukugororoka kuba kwarazanywe n’ivyagezwe.


Mwebge abagomba kuganzwa n’ivyagezwe, ni mumbarire: mbega ntimwumva ivyagezwe?


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


(kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ