Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 atāhawe ubuherezi n’uko vyashinzweho n’ivyagezwe vyo mu buryo bg’abantu, ariko yahawe ubushinzwe n’ubushobozi bg’ubugingo budashobora gukūrwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Yesu ntiyabaye umuherezi habanje gukurikizwa ibisabwa bifatiye ku mamuko yiwe nk’umuntu, ariko yabaye umuherezi hakurikijwe ubushobozi bw’ubugingo budashobora gushira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 7:16
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko tuzi yukw ivyagezwe ar’ ivy’ impwemu; ariko jewe nganzwa n’akameremere kanje, naguriwe kuba umugurano w’icaha.


Natwe n’uko: tukir’ abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw isi.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.


Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy’isi, n’iki gituma mwemera kuganzwa na ya mabgirizwa, nk’abazokwama bari kw isi —


Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.


Ivyo birushiriza guseruka rwose, ko haboneka uwundi muherezi, ahwanye na Melekisedeki,


Kukw ashingirwa intahe, ng’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira, Mu buryo bga Melekisedeki.


Abalewi bo bāhawe ubuherezi ata ndahiro; arikw iyabuhaye uyo yararahiye, imubgiye, it’ Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza, At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira.


Ivyagezwe bishirah’ abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, arikw ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishirah’ Umwana w’Imana yahīngūwe rwose gushitsa ibihe bidashira.


Nta se, nta nyina, nta karonda, nta tanguriro ry’imisi cank’ iherezo ry’ubugingo, arikw agereranywa n’Umwana w’Imana, kandi na ntaryo ahora ar’ umuherezi.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ