12 Iy’ ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo.
12 Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.
Kandi nzorobanuramwo bamwe mbagire abaherezi n’Abalewi, ni k’Uhoraho agize.
Nawe ni ho uzoca wibuka ingeso zawe, ukamāramāra, ah’ uzokwākīrira bene nyoko, bakuru bawe na barumuna bawe; kandi nzobaguha bakubere abakobga, ariko si kubg’ isezerano ryawe.
Non’ iyaba gutunganywa rwose kwāzanywe n’ubuherezi bg’Abalewi — kuko ku ngoma yabgo ari ho ubgo bgoko bgāhawe ivyagezwe — n’iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bga Melekisedeki, atavugwa mu buryo bga Aroni?
Kuk’ uwavuzwekw ivyo, ar’ uwo mu wundi muryango, utigeze kuvamw’ uwakoze igikorwa co ku gicaniro.
kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.