Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nta muntu yiha ico cubahiro, shit’ ahamagawe n’Imana, nk’uko Aroni yahamagawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nta muntu n’umwe yiha ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru; Imana ni yo imuhamagarira ico gikorwa, nk’uko yahamagaye Aroni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 5:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Amuramu bāri Aroni na Mose; kandi Aroni yari yarobanuwe kugira ngo yezwe, abe uwera cane, bo n’abahungu biwe, gushitsa ibihe vyose, ngo bame bosereza imibavu imbere y’Uhoraho, bamusukūrire, basabire abantu umugisha mw izina ryiwe ibihe vyose.


babuza umwami Uziya, baramubarira, bat’ Ewe Uziya, s’igikorwa cawe kwosereza Uhoraho imibavu, n’ic’ abaherezi bo mu ba Aroni bārobanuriwe kwama bayosa. Enda va aha hantu hēra, kuk’ ucumuye, kand’ ivyo nta cubahiro bizoguhesha kivuye k’ Uhoraho Imana.


Buki wa Abishuwa, Abishuwa wa Finehasi, Finehasi wa Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi mukuru;


Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.


ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;


Ko yabiyegereje, mwe n’ab’i wanyu bose b’Abalewi, none mutayeko murondera n’ubuherezi na bgo?


Umuriro uva k’Uhoraho, uyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongwitanu bosheje imibavu.


ngo bibere Abisirayeli icibutso, kugira ngo ntihagire umuntu atar’ uwo mu ruvyaro rwa Aroni yīgira hafi kwosereza imibavu imbere y’Uhoraho; kugira ngo ntabe nka Kora n’abafatanije na we. Nuko Eleyazari abikora nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Abgira Kora n’abo bīfatanije bose, at’ Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana abiwe ab’ ari bo, n’uwera uw’ ari we, amwiyegereze: uwo azotoranya, ni we azokwiyegereza.


ejo muze mubishiremw’ umuriro, mugerekeko n’imibavu, aho nyene imbere y’Uhoraho: maz’ umuntu Uhoraho azotoranya ni we azoba ar’ uwera. Ivyanyu biratunaniye, namwe mwa Balewi!


Kandi nawe hamwe n’abana bawe muze mwitondere ivy’ubuherezi bganyu ku vy’igicaniro vyose no ku bir’ imbere ya ca gihuzu gikingīra Ahēra cane; ivyo abe ari vyo muzokora; mbahaye igikorwa c’ubuherezi bga ngabire: arik’ uwundi wese atar’ uwo muri mwebge yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


Ayo ni yo mazina ya bene Aroni, abaherezi bāsutswekw amavuta yo kubarobanura, bagashikirizwa ibango ry’ ubuherezi.


Yohana arabishura, ati Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ