Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umuherezi wese mukuru, kuko yarobanuwe mu bantu, ashirirwaho gukorera Imana kubg’ abantu, kugira ngw ashikane amashikanwa, atange ibimazi, vyompi vy’ivyaha;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 5:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;


Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.


Nuko mfise ukwirata mu vy’Imana muri Kristo Yesu.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.


Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,


Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.


Kuk’ umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ic’ ashikana.


Iyaba ari mw isi ntiyobaye umuherezi, kuko har’ abandi bashikana amashikanwa nk’ukw ivyagezwe bibgiriza.


ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ