Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kuko iyo Yosuwa aja kuba yarabashikanye aho kuruhukira Imana yari yarasezeranye, Imana ntiyari gusubira kuvuga ku vyerekeye uwundi musi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abaha ibihugu vy’abanyamahanga, Batwara ivyo abanyamahanga bācumukuriye:


Yirukana amahanga imbere yabo, Ibakubitira amabango ahazoba ishamvu yabo, Yinjiza imiryango y’Abisirayeli mu mahema ya bano.


Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.


kuko mutarashika mu buruhukiro no mw ishamvu Uhoraho Imana yanyu yabahaye.


Ni co gituma Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubakiza abansi banyu bose impande zose, akabaha kuruhukira mu gihugu abahaye kw ishamvu ngo mucegukire, muzoba mukwiye kuzimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bibagirane mu bo musi y’ijuru bose: ntimuze muvyibagire.


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


Nuko rero haracarih’ uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana.


gushitsa ah’ Uhoraho azoruhurira bagenzi banyu nk’uko namwe yabaruhuye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye; hanyuma mubone kugaruka mur’ iki gihugu mwegukiye, mukigerēre, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye gihera i burasirazuba, hakuno ya Yorodani.


Uko ni ko Yosuwa yanesheje ico gihugu cose, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose. Maze Yosuwa akigabanganya Abisirayeli ngo kibe ishamvu yabo, nk’ukw imiryango yabo iri. Nukw igihugu gihabga impore.


Non’ Uhoraho Imana yanyu amaze guha impore bagenzi banyu, nk’uko yabasezeraniye; nuko rero ni mwisubirire i wanyu mu gihugu mwahawe kw ishamvu, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye hakurya ya Yorodani.


Hashize igihe kirekire, Uhoraho ahaye Abisirayeli impore, abakijije abansi babo bose bari babakikije; kandi Yosuwa yar’ ashaje, ageze mu zabukuru;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ