Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuko twebge abizeye dushika mur’ ubgo buruhukiro, nk’uko yavuze, iti Nk’uko narahiranye uburake bganje, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje: naho yari yarahejeje ibikorwa vyayo, uhereye ku kuremwa kw’ isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ni twebwe abizeye gusa dushobora kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye. Ariko ku bandi Imana yavuze iti: “Ni co catumye ndahirana uburake nti: ‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’” Ariko rero ibikorwa vyayo vyaheze igihe yarema isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:3
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu.


Ni co catumye ndahirana uburake, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.


kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.


ari bgo yari yarabariye, at’ Uku ni kwo kuruhuka, mureke ūrushe aruhuke; aha ni ho buruhukiro: ariko banka kwumva.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.


kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ni co catumye ivyo umuntu yavugishwa n’Imana yavuze biboneka, ngo Nzoteranura akanwa kanje, nce imigani, Nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw’isi.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Nk’uko narahiranye uburake bganje, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.


Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo:


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


Uwo yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ