Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Kuko gukebga kugira ico kukumarira, iyo witondeye ivyagezwe: arikw iy’ ucumuye ku vyagezwe, ugukebga kwawe kuba gucitse ukudakebga.


Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivy’ Imana yizigiweko?


Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.


Iki conyene ni co ngomba ko mumbgira: mbega Mpwemu mwamuronkeshejwe n’ibikorwa vy’ivyagezwe, canke n’ukwumva gufatanije n’ukwizera?


Kand’ ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw Imana izotsindanishiriza abanyamahanga kubg’ ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa bgiza bg’ibitaraba, biti Muri wewe ni ho amahanga yose azohērwa umugisha.


ariko murazi yukw amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bgiza ubga mbere:


Ariko naho vyabaye birtyo, ntimwizeye Uhoraho Imana yanyu,


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


Nuko rero, kuko bukibīkiwe bamwe ngo babushikemwo, arikw abābanje kubgirwa ubutumwa bgiza bābujijwe kubushikamwo no kutumvira Imana,


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ