Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:16
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muri we ni ho duhērwa ubushizi bg’ubgoba no gushikīra Imana tuyizigiye, kubgo kumwizera.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe.


(kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


Kandi hejuru yayo hār’ abakerubi b’ubgiza bateye igitūtu umutemere wo guhongerako: ivyo ntidushobora kubidonda kimwe‐kimwe nonaha.


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Maze Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo icitegererezo c’urubaraza rw’urusengero, n’ic’ inyubako yarwo, n’ic’ ububīko bgarwo, n’ic’ ivyumba vyarwo vyo hejuru, n’ivyo muri rwo imbere, n’ic’ ikibanza ca wa mutemere wo guhongerako;


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ