Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 4:1
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu w’ubgenge ariyubara, agahunga ibibi, Arikw igipfu cidudarika, kikiremesha.


Hahirwa umuntu yama yiyubara; Arik’ uwikomantaza umutima azogwa mu vyago.


Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.


Uti Nk’ ukw imisi ingana mwamaze mutata ico gihugu, ukw ari mirongwine, umusi uzohwana n’umwaka; uti Muzoyimara mugiweko n’ibigabitanyo vyanyu, ukw iyo myaka ari mirongwine; uti Kandi muzomenya kugirirwa umwikomo na we ic’ ari co.


Arik’ umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye:


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Ni ko: ukutizera ni kwo kwayahanyuje, nawe ukwizera ni kwo kuguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare.


bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana;


Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Yemwe abagomba gutsindanishirizwa n’ivyagezwe, erega muhinduye ubusa gufatana na Kristo kwanyu, muratemvye muretse ubuntu bg’Imana.


naho tutoba abizigirwa, we ahora ar’ umwizigirwa, kukw adashobora guhindagurika.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


Nk’uko narahiranye uburake bganje, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


Nuko rero haracarih’ uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ