Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca, naho bari barabonye ivyo nabakoreye imyaka mirongo ine.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:9
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hamwe ba sogokuruza banyu bāngerageza, Bakancaca, bakabona igikorwa canje.


uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uku abe ari k’ubarira Abisirayeli, ut’ Ubganyu murīboneye kw avuganye namwe ari mw ijuru.


Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


Uti Kand’ abana banyu bazomara imyaka mirongwine baragira mu bugaragwa, bagībgeko n’ubuhemu bganyu bgo kumureka; uti Gushitsa ah’ imivyimba yanyu izoba ikunkumukiye mu bugaragwa.


Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Amaso yanyu yiboneye ivyo vyose bihambaye Uhoraho yakoze.


Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababgira, ati Mwiboneye ivy’ Uhoraho yakoze vyose mu maso yanyu mu gihugu ca Egiputa, abigiriye Farawo n’abamenyekana biwe bose, n’igihugu ciwe cose;


Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Impuzu zanyu ntizabashiriyeko, cank’ ibirenge vyanyu ngo bivyimbe, iyi myaka ukw ari mirongwine.


Kandi mwabonye ivyo Uhoraho yagiriye ayo mahanga yose kubganyu; kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we yagenda abarwanira.


Maze bantakambiye jewe Uhoraho, nshira umwiza hagati yabo n’Abanyegiputa, ndaheza mbateranirizakw ikiyaga, kirabarengera. Kand’ amaso yanyu yiboneye ivyo nakoze muri Egiputa; maze mumara igihe kirekire mu bugaragwa.


kukw Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongwine bagendagenda mu bugaragwa, kugeza ah’ abahizi bose b’iryo hanga bavuye muri Egiputa bāherengetereye, kuko batumviye Uhoraho. Kand’ Uhoraho yari yarabarahiye kw atazokunda ko babona igihugu yarahiye ba sekuruza babo kw azokibaha, ni co gihugu gitemba amata n’ubūki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ