Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa, Kuri wa musi wo kugerageza mu bugaragwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangarariza bakangerageza mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:8
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko banka kwumva; bashinga amazosi, nk’uko ba sekuruza batizera Uhoraho Imana yabo bāyashinga.


Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.


Na we agarariza umwami Nebukadineza, kandi yari yaramurahije Imana; nukw agamika izosi, yikomantaza umutima, ntiyahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Ariko ba sogokuruza bacu babaye intahetwa, bagamika amazosi, ntibumvira amabgirizwa yawe;


N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?


Ariko bifuriza cane mu bugaragwa, Bageragereza Imana mu karēre.


Bagerageresha Imana imitima yabo, Bayigerageresha kwaka ivyo kurya vyo kubamara ipfa.


Yamar’ Abisirayeli bagerageza Imana isumba vyose, barayigarariza, Ntibitondera ivyo yashingiye intahe.


Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantarije i Meriba, No kuri wa musi w’i Masa mu bugaragwa,


Yita aho hantu Masa na Meriba kukw Abisirayeli bamutonganije, kandi kuko bagerageje Uhoraho, bakabaza ngo Mbeg’ Uhoraho ari muri twebge, canke ntari muri twebge?


Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Hahirwa umuntu yama yiyubara; Arik’ uwikomantaza umutima azogwa mu vyago.


Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi Azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara.


ariko na ho nyene ntibānyumvira, canke ngo batege ugutwi kwabo, ariko bagamika amazosi yabo; bagatako bagakora ibibi birengeye ivya ba sekuruza.


Ariko yishize hejuru, yikomantaje umutima bimuteye gukoresha ubugabo, ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe.


Uhoraho abarira Mose, at’ Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?


Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.


Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.


Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko mwamugeragereje i Masa.


Har’ icotuma mukomantaza imitima nk’ukw Abanyegiputa na Farawo bagize? Mbeg’ imaze kwerekana ububasha muri bo, ntibāhavuye bakarekura abo bantu, bakīgīra?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ