Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 “Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:5
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah’ amabgirizwa n’ivyashinzwe n’ ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose.


Atuma Mose umusavyi wiwe, Na Aroni yatoranije.


Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.


Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.


Arik’ umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose.


None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze?


Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.


Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Uwo Mose ni we yabgiye Abisirayeli, at’ Imana izobahagurukiriza ūvugishwa na yo mu b’i wanyu, ameze nkanje.


Ariko noneh’ ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


Kand’ ababgiriza babagomba ko baboneka ar’ abizigirwa.


nt’ Uhoraho Bgirukiro, jewe umusavyi wawe utanguye kunyereka ububasha bgawe n’ubushobozi bgawe buhambaye. Nti Mbega har’ iyindi mana, yaba iyo mw ijuru canke mw isi, yoshobora gukora ibikorwa n’ibihambaye bihwanye n’ivyo ukora?


Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi,


ayobokera iyamutoranije, nk’uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose.


Kuk’ urugo rwose rugira ūrwubaka, arikw Imana ni yo yubatse ibintu vyose.


Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


gushitsa ah’ Uhoraho azoruhurira bagenzi banyu nk’uko namwe yabaruhuye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye; hanyuma mubone kugaruka mur’ iki gihugu mwegukiye, mukigerēre, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye gihera i burasirazuba, hakuno ya Yorodani.


ati Mose umusavyi wanje yāpfuye; none rero va hasi, ujabukane aba bantu bose urwo ruzi Yorodani, muje mu gihugu mbahaye, mwebge Abisirayeli.


Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.


nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yabariye Abisirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, igicaniro c’amabuye atabājwe, atigeze gukozwakw icuma; bagitangirakw ibimazi boshereje Uhoraho, batanga n’ibimazi vy’ ishimwe.


Abisirayeli bose n’abakuru babo n’abashingantahe n’abacamanza bahagarara imbere y’Abalewi barerura isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bamwe ku ruhande rumwe rw’iyo sandugu, abandi ku rundi: s’ab’ imvukira gusa, ariko n’abanyamahanga na bo; igihimba kimwe cari gihagaze ku ruhande rw’umusozi Gerizimu, ikindi ku ruhande rw’ umusozi Ebalu, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yababariye ubga mbere, uko bizogenzwa mu guhezagira Abisirayeli.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ