Abaheburayo 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibiliya mu Kirundi coroshe5 “Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Abisirayeli bose n’abakuru babo n’abashingantahe n’abacamanza bahagarara imbere y’Abalewi barerura isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bamwe ku ruhande rumwe rw’iyo sandugu, abandi ku rundi: s’ab’ imvukira gusa, ariko n’abanyamahanga na bo; igihimba kimwe cari gihagaze ku ruhande rw’umusozi Gerizimu, ikindi ku ruhande rw’ umusozi Ebalu, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yababariye ubga mbere, uko bizogenzwa mu guhezagira Abisirayeli.