Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abaheburayo 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ayobokera iyamutoranije, nk’uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abaheburayo 3:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Mose abigenza artyo: uk’ Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze.


Arik’ umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose.


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Nagushimagije mw isi, nnonosoye igikorwa wampaye gukora.


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.


Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.


Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


ariko ni naba ngitevye n’ukugira ng’uz’ umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y’Imana, ni yo shengero ry’Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri.


Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.


Maze Samweli abarira abantu, at’ Uhoraho yatoranije Mose na Aroni, akadūgana ba sogokuruza abakūye mu gihugu ca Egiputa, ni we cabona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ